
Ishari Lyrics
Ishari Lyrics by SAT-B
Weyoo, weyoo, weyoo
Gabanya Ishari
Kwa Sat-B n’abantu b’Imana
Amir Pro
Sinzi uko noryita baryita ishari
Niryo rinkikuje kuko wampaye
Mana y’ikigongwe wankuye mubworo
Unyicarika n’abanyecubahiro
Bite Ncuti Ugenzwa N’amaki
Ko Mbona Unkikuje urwanko rwa hatari
We waraminuje naje niga icenda
Mbe ko ubabara iyo nteye imbere
Ufise ivyo wandikiwe naje ivyo nandikiwe
Duteze ibiganza uwuhoraho
Navuye mw’iyarara ushaka ko nsubirayo
Kandi kuva uvuka inzara ntuzi uko imeze
Oya Dawe Si umukire niwe atanga ubukire
Abantu n’ibintu
Sinzi uko noryita baryita ishari
Niryo rinkikuje kuko wampaye
Mana y’ikigongwe wankuye mubworo
Unyicarika n’abanyecubahiro
Iminsi yose kumabati ngo yoro yororo abantu bagakinda
Batonda imirongo igana ku bapfumu
Bashaka ivyo niherewe ivyo naronse cumukuye
Bafise ivyo bandikiwe naje ivyo nandikiwe
Duteze ibiganza uwuhoraho
Navuye mwiyarara bashaka ko nsubirayo
Kandi kuva mvuka inzara ntibazi uko imeze
Mana ya Aburahamu, ngwino unkize irishari ry’abana b’abantu
Sinzi uko noryita baryita ishari
Niryo rinkikuje kuko wampaye
Mana y’ikigongwe wankuye mubworo
Unyicarika n’abanyecubahiro
Genda ubwire President Ndayishimiye
Uti ivyo ukora ino turabibona
Naho abantu bazogushimira iyo upfuye
Bakuvuge neza igihe utakiriho
Ngo wafashije benshi, warubatse vyinshi,
Ngo wakoze neza igihe waruriho
Mugihe wari ukiriho ntaco bavuga bagutera amabuye
Watch Video
About Ishari
More SAT-B Lyrics
Comments ( 0 )
No Comment yet
Get Afrika Lyrics Mobile App
About AfrikaLyrics
Follow Afrika Lyrics
© 2025, We Tell Africa Group Sarl