PAZZOS BI Agahinda cover image

Agahinda Lyrics

Agahinda Lyrics by PAZZOS BI


Abantu turasa ariko ntidusangiye imitima 
Hari abo urweze barangwa n'urukundo imbere y'abandi 
N'abandi aho ugeze bakuvuma ukamengo nturi umuntu 
Bakagutera agahinda kumutima utari uvyiteze 
N'abandi bakugirira umwikomo ntibabikubwire 
Bakakureka ariko umutima wo atamahoro ufise 
None mwese murinze iki muguharanira amahoro 
Hari abagowe bamana amaganya je ndabibabwiye

Niwihorere ko we baguhevye twe turakwibuka 
Nakare ngo amosozi y'umugabo atemba aja mu nda 
Na twebwe turaguhoza ariko dukeneye abaduhoza 
Umuntu wese afise uko Imana yamugeneye kubaho.

Ikintu gihahamura umutima ni akarenganyo 
Umuntu aracinyizwa bakamurengera agateka 
Ariko abuze ikimuremesha ashobora guta ukwizera 
Akabona yuko 
Imana yo isa niyamuhevye 
Igitangaje nuko Imana yatugeneye igihe 
Ugira neza ukora nabi imbere yayo uzoshika wishura 
Ariko hari abibaza ko ngaha kw'isi vyose ari ivyabo 
Amaruhiro uwo musi uzoshika twe tukavyishura

Nakare Imana yaduhaye ubwenge kugirango dukore 
Ariko sivyiza ko twebwe duca tubukoresha nabi 
Yaraduhaye amabwirizwa kugira ntituyarenge 
Twayahawe n'uwuganza ijuru n'isi we yaturemye 
None iyi si yacu kuki yirirwa mugicumuro no mu ntambara 
Abantu bagatikira kandi twese twari abavukanyi 
Muntu wese waremwe aha kw'isi nukorere 
Imana Ntuzomaramare uwo musi wo gushikayo ukugezeho

 

Watch Video

About Agahinda

Album : Agahinda (Single)
Release Year : 2020
Added By : Lacsap
Published : Nov 24 , 2020

More PAZZOS BI Lyrics

PAZZOS BI
PAZZOS BI
PAZZOS BI
PAZZOS BI

Comments ( 0 )

No Comment yet



About AfrikaLyrics

Afrika Lyrics is the most diverse collection of African song lyrics and translations. Afrika Lyrics provides music lyrics from over 30 African countries and lyrics translations from over 10 African Languages into English and French

Follow Afrika Lyrics

© 2024, We Tell Africa Group Sarl