PRINCE MSHINDI Ndacuritse cover image

Paroles de Ndacuritse

Paroles de Ndacuritse Par PRINCE MSHINDI



Mu Buzima, urahitamwo kuba umunyabwenge
Mu maso y'Imana canke mu maso y'isi.
Je nahisemwo kwumvira imana gusumba isi,
isi ica ivuga ngo " ndi umurobeli, ndi umusazi, sinshobotse,
ngo  nda nda

Ndacuritse , ntuje
Bari mu ntambara je mba ntuje
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre

Ndacuritse , Nshushe
Abandi bakanye jewe mba nshushe
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre

Bakanye tuba dushushe
Bariko barapapa twebwe tuba dutuje
Bavuga sinkwije,
Ngo ndafyina cane ntibamenye ko mwijuru nkunditse

Babona nguma ntwenga ntagira n'ikingorongoro
Mu mufuko bakagira ngo  nuzuye ihoro
Kumbe umu bile nuzuranye amahoro
Kristo my Big bro niwe Yanje Mahoro

Imana Niyo yatumye ngira amanyama menshi
Nemera ivyo yavuze apana ibivuzwe na benshi
Sinzinduka ngiye kurondera ubuzima
Nzinduka mu gatondo ngiye gutanga ubuzima

Mu maso yabo ngo Ndacuritse
Simvuga nkabo ngo Sinshobotse
Untutse ntiwijana, ndagusigira message
Vas te Bénir (Bénir)

Ndacuritse , ntuje
Bari mu ntambara je mba ntuje
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre

Ndacuritse , Nshushe
Abandi bakanye jewe mba nshushe
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre

Mfise abagenzi  bandusha kwambara ikoti
Muga umufuko wanje ubarusha kwinjiza inoti
Mboneka nk’umubandi asumba ba Rukoti
Muga nanka icaha gusumba naba Pentekoti

Mfise urukundo rwinshi rucanganya abo duhuye
Na cane cane Abansi  iyo banteye amabuye
Ndayegeranya nkubakamwo inzu isukuye
Kugira nzobugamike mu rushana imvura iguye

Bumvira mu gacerere , nkumvira mu nduru
Nshaka Kuba muto, bashaka kuba bakuru
Sinshaka Kuba umuntu ahambaye w’igihagararo
Nshaka Kuba umuntu w’ingirakamaro

Ndi bizarre nka Yesu mu maso  y’abafarisayo
Sinshobotse Nka Paulo inzoka inkomoye ipfa ubwayo
Sindi normal nguma ntekanye
Ingorane yanje nuko ntagira n'ingorane

Ndacuritse , ntuje
Bari mu ntambara je mba ntuje
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre

Ndacuritse , Nshushe
Abandi bakanye jewe mba nshushe
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre
Bavuga ndi Bizarre, Bizarre Bizarre

Ivyo ntize kw ishure navyigiye muri street
Umwigisha wanje ni Holy Spirit
Nta Show Bizz, nta Beef Nta ma Babies
Muga muba Raperi nguma muri Top list

Ndi umu celibataire atari malheureux
Sindi no muri competition Nico gituma je suis heureux.
Nturindire mpfe, kugira umbwire R.I.P
I wanna rest in peace nkiri ngaha wisi

Ndacuritse

Ecouter

A Propos de "Ndacuritse"

Album : Ndacuritse (Single)
Année de Sortie : 2021
Ajouté par : Afrika Lyrics
Published : Jul 21 , 2021

Plus de Lyrics de PRINCE MSHINDI

Commentaires ( 0 )

Aucun commentaire pour l'instant



A propos de AfrikaLyrics

Afrika Lyrics est la plus large collection de paroles de chansons et de traductions d’Afrique. Afrika Lyrics fournit les paroles des musiques de plus de 30 pays africains et des traductions de lyrics de plus de 10 langues africaines en français et en anglais.

Suivre Afrika Lyrics

© 2024, We Tell Africa Group Sarl