B FACE Insolites cover image

Insolites Lyrics

Insolites Lyrics by B FACE


Yoo!
Iri jwi mwumva niry’umufana
Akunda umuziki w’aburundi
Kandi akunda uburundi
Abipfuriza kandi gutera imbere
Icivugo canje  ni
(…)
Muntege yompi ndabayagire
Twagiye

Buja flava yuzuyemwo insolites
Niyo mpamwu ndabandikiye iri kete
Mureke kwisamburirako k’impene
Insolites
Gabanya insolites
Insolites
Gabanya insolites
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya  insolites
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya  insolites

Uwokwanka ko bamwumva yokwama yugaye umunwa
Kandi uwonyegeza umunori yokwama ahumirije
Ivyo muri industry n’agahobera bunwa
Ngira ndabivuge kubera biratwengeje
Ukazubona umusani yinamuye akifotoreza mu nzu   y’abandi
Ngo ndi “in my new house”, Ashima kwibeshera ngo kubera ari heza
Yumva kw’ariyo size (nivyo), Kuki utifotoreza ku kirago urarako
Ng’ubereke ko uri proud, N’ubzima ubayemwo (babaze)
Umumenyeshamakuru , Yakubaza ngo hano wambariye angahe
Ugaca ubesha , Ngo ni deux mille dollars
Wobiki hamwe wovugisha, Kwari ibishweka wahitanye mu ruvumera
Kuri deux mille, deux mille, Hari ikintu vyogutwara? (acha wewe)
Umugabo atumva impanuro yicara, Mu bakazana
Iyaba munyumva vyogira aho bibashikana, Ivyo mufise mubishimire imana
Ariko mureke kuguma mufekinga ubuzima (gusa)
Ukararana abana nyoko na so, Nabo bararanye inzara mu nda (ibaze)
Abo muvuka nabo ukabinuba , Abafana bakuramukije ukavyimba
Ca bugufi ubu star bureke kuguhenda, Kuko ninabo bakugize wewe ukiri under
N’iwacu honyene abasani barenga cumi , Bakora collabo iyo bahujwe n’amacinya (gusa)
Uwundi mwanya ukumva ngo turwanye corona
Ariko kuja hamwe ata ndwara, bikananirana (ibaze nawe)
Ico bashoboye conyene n’ugutyozanya , Ku ma réseaux sociaux bakirirwa batukana
Mbega muribuka ko ataho bibashikana , Atari ukwama gusa muteranya abafana
Mukibagira yuko nabo babarezona ingene munanirwa
No gukora ibintu bizima ivyo mushoboye gusa
Ari ukwirirwa muta umunwa kandi hari vyinshi mwokora, Vyokwubahisha izina (bambarize)

Buja flava yuzuyemwo insolites
Niyo mpamwu ndabandikiye iri kete
Mureke kwisamburirako k’impene
Insolites
Gabanya insolites
Insolites
Gabanya insolites
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya  insolites
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya  insolites

Akagomba kari iwabo kigira se masera
Kandi ubusigo buhuma ntibwigera buba bunini
Ni hano umusani akwisani akwiza imyaka mirango itatu akiba kwa nyina
Mu nzira akagenda avyimba, atazi igiciro c’isabuni
Akakwita dogo kandi areha n’ifundi, N’isura zumye nk’umuhini w’ifuni
Na idées zicuristse nk’umurumyo w’umubindi
Akavuga ururimi rumwe nk’imbwa y’umuhindi
Ivya hano sinokubesha biragoye, ukumva umusani aradutse
Aririmbiye agakumi ngo ndaryama sintora itiro, Ndara nkwiyumvira nguma nkubona
Mubintu vyose ndiko ndakora (reka kubesha)
Ngo nja muri toilette nkagusangamwo,ngafungura mw’isahani naho
Nkakubonamwo (reka), uwoguta mu manga yombanzamwo
Tuguteyo turabe ingene uvyifatamwo (reka sha)
Mubwize ukuri ico ushaka ureka kubesha
Ureke guca mu gihosha ugiye mu kanyosha
Ngo nzoguha Ferrari nawe uhatera ikirenga sha
Mwemerere ivyo ufise ntuzorware presha, Ivyahano burya ntibisigutitse
Urazi igituma umwaka uheze ata hit song ibonetse (ibaze)
Vyarakomeye umuziki warimutse ugeze muba journalistes
Mushaka nabo bimukire mu ba cinéastes (bambarize)
Ni hano gusa umusani wa gospel yirenza royals cumi ku mipfuke y’akaga
Ngo zizokubuza kuja mwijuru kwa data
Ukemengo wew’ iryo juru ashaka ntaryo ashaka (reka sha)
Yishakira mu giheta, twarabamenye mukiewa kubera inkumi
Nta muhamagaho mufise
Iyo vyari kuba arivyo nta muvugabutumwa yorwanije uwundi
Kugeza naho ata n’uwuramutsa uwundi
Mukibagira ko muririmbira imana imwe kandi mwese muri abarundi

Buja flava yuzuyemwo insolites
Niyo mpamwu ndabandikiye iri kete
Mureke kwisamburirako k’impene
Insolites
Gabanya insolites
Insolites
Gabanya insolites
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya  insolites
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya  insolites

Nakuze mbona bakubura n’ubu umwavu nturahera
Nongera nkura hari question itararonka uwuyishura
Ngo twokora iki umuziki wacu utere imberel
Ariko nama mbona muri WhatsApp ariko biherera
Ukamengo hari ikibabuza guhura, kandi nzirikana yuko hari n’ababatwara
Mbega burya ni igiki bariko barakora
Ko nzi inyishu y’ibibazo ari ukwicara mukaganira
Iconzi co ivya han vyamye ari amayobera
Ni hano gusa ushobora kwiyita marshal
Utagira n’umusiti ashobora gukucungera (ibaze)
Canke général ata n’umunyezamu ugira, s’abo bonyene harinabiyita simba
Kandi nzi ko ibikoko biba mw’ishamba wahindukira
Wahindukira ugasanga baryamana n’abantu,abandi nabo ukaza wumva ngo la vache
Ni hehewabonye inka zambara impuzu z’abantu
Ikindi naco ko mwama mwidoga ngo ntibavuza indirimbo ndundi
Kuki mweho mutiyita amazina y’ikirundi, umuvyeyi nguyo yakwise boniface
Ubaye umusani uciye wiyita b face
Iwanyu witwa willy none urihinduye Wallace
Junior nawe ukumva ngo double jay
Moise bucumi ngo mb data boy
Ngabo léonce canke canco hamisi na ciza sylvestre, Christophe matata
Nikiza n’abandi ntibagira a.k.a
Ariko indirimbo zabo turacanazikunda mbere gushika today
Ariko izuba ziramara ukwezi kumwe ntitumenya iyo zihereye
Akaranga karatakaye,berry kumutandukanye na ykee penda
Burya nasanze bigoye, mwumve iyi beat mugire ico muhakuye
Uyu murisho n’umuduri turacabikeneye
Nakare nivyo bizoberekana aho mwavukiye
Mugambanye kwigana umudiho w’aba Nigeria
Ivya hano nukuri jew biranyobera
Niho honyene ubonye umukobwa aje muri game
Ikizokwereka ko ari hit abanza kuvyara (kabisa)
Uwutaravyara nawe mumuha akanya resultat si kera
Abandi bigeme bazoza muri game
Bazobigirako kuvyara canke kuririmba
Mw’uyu muziki hari vyinshi vyo guhindura
Murazi yuko hari abana bigana ivyo mukora
Ashobora kukwigana mebre ningene wambara
Ariko ugasanga ingene witwara urigira ko bagukurikira
Imba nawe utize ashobora no kubiheba
Kubera aragukunda kandi agakunda n’ivyo ukora
Burya imbwa nkuru niyo yigije izindi kwituma nm’ibarabara
Mu vyo uvuga mu vyo ukora muri societé, harakenewe indero ihasigara
Kugira n’ejo canke hirya y’ejo, bavuge ko hari ico washoboye kubungura
Ndavuga simvura nariko ndirenganira

Buja flava yuzuyemwo insolites
Niyo mpamwu ndabandikiye iri kete
Mureke kwisamburirako k’impene
Insolites
Gabanya insolites
Insolites
Gabanya insolites
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya  insolites
Gabanya Gabanya Gabanya
Gabanya  insolites

Watch Video

About Insolites

Album : Insolites (Single)
Release Year : 2021
Added By : Farida
Published : Jan 26 , 2021

More B FACE Lyrics

B FACE
B FACE
B FACE
B FACE

Comments ( 0 )

No Comment yet



About AfrikaLyrics

Afrika Lyrics is the most diverse collection of African song lyrics and translations. Afrika Lyrics provides music lyrics from over 30 African countries and lyrics translations from over 10 African Languages into English and French

Follow Afrika Lyrics

© 2024, We Tell Africa Group Sarl