MTC Ikiziritse Umutima cover image

Ikiziritse Umutima Lyrics

Ikiziritse Umutima Lyrics by MTC


Ndashikamye
Ntaho azonta

Umugororotsi ntahebwa
Ntatabwa ntasigwa arashigikirwa
Afise Imana Nk'isoko y'ivyizerwa
Uko bwije uko bukeye Igenda Imwereka ubwizigirwa
Ivyo bikantuma nizigirako
Ivyo Yambwiye vyose mbwirizwa kubishikako
Ntibimatanye n'amajambo y'abantu bimatanye n'umutima w'Imana Itisubirako
Ngendana ubushizi bw'ubwoba
Nzi yuko ivyo Yambwiye vyo Bizoba
Yambwiye ko amfiseko ivyiyumviro vy'amahoro kugira ampe ivyizigiro vya kazoza
Ndizera ndizera ko nzohashika
Ko atacotuma Icavuze kidashoboka
Nk'uko umutwenzi atacowubuza kuza
Niko Ijambo ryiwe naryo atakizoribuza gushika

Je ndashikamye ngenda buno bushizi bw'ubwoba. Aaaa
Nuzera nizigiye ibitokwizigiwe y'uko vyoba aaaaa
Ivyo ntibizontetereza
Ndazi ko iyo nja ari heza
Mfise ivyo vyizigiro nk'ikirits'umutima
Naho bitobaho kubwanje arabimenya

Ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe bikihuta kugishikako
Ntibibesha ntibibura kuza iyo vyavuzwe naho vyoteba birashika koko

Mba narihebuye iyo ntaza kwizigira
Ko nzobonera ukugira neza kwa Rugira
Muri iyo ino si y'abakiriho mbona impera y'umugororotsi uburyo yama agenda atotahara
Ndashikamye ndashikamye
Sikubw'Umuntu n'ubuntu bw'imana buzigamye
Aha nibwo buhanshikanye kandi sinkekeranya Imbere ho niheza cane
Ivyo Yambwiye nzobikora
Aho yavuze nzohagera
Niwe anshigikira igikorwa ciwe muri je niwe azogusozera
Ivyo mbamwo uyu musi ntaho vyogereranywa n'ubwiza je mbikiwe
Ivy'icubahiro niwo mugabane je nateguriwe
Ivy'ubwiza buremereye
Kurugezo rutsindagiye runyingishe
Rusesekaye
Nivyo jewa nateguriwe muri we

Naho igicapo kinini c'ejo mfise ntaragishikira (hmmm hmmm non)
Ntibintera kwihebura
Ukwizera ntabwo kungabanukako
Inkomezi buri musi zama ziyongerako
Erega Kristo niwe centre y'ukwanje Kwizera
Niwe nyanduruko ninawe agusozera
Ntera nj'imbere nduga cane hejuru

Je nd'uwushika kure nshobojwe n'Iyo mw'ijuru
Bino vyizigiro ntibitetereza
Mbifise nk'ikirits'umutima kinyemeza
Ko atacobuza gushika Ijambo ryiwe n'ivyapfuye birazuka n'ibitariho bikaza
Sinihebura je sindekura
Ndimuzera sindi mubiyonjorora
Ico Nzira n'ukwiganyira
Ico nkora ngumya ukwatura ivyizigiro bizima ivyanje nkavyegukira

Je ndashikamye ngenda buno bushizi bw'ubwoba. Aaaa
Nuzera nizigiye ibitokwizigiwe y'uko vyoba aaaaa
Ivyo ntibizontetereza
Ndazi ko iyo nja ari heza
Mfise ivyo vyizigiro nk'ikirits'umutima
Naho bitobaho kubwanje arabimenya
Siniganyira haba namba
Ikizirits'umutima kimbwira ko nzoshika
Sinzokwigera ncura intimba
Umutima wanje urizeye ko bishoboka
eeeeyaa aaah eeeyaaa aaah eeeh eeeh eeeh
Ugushika kure n'Iyo Nzira ndimwo bimeze nk'ikizirits'umutima

Watch Video

About Ikiziritse Umutima

Album : Ikiziritse Umutima (Single)
Release Year : 2021
Added By : Farida
Published : May 10 , 2021

More MTC Lyrics

Comments ( 0 )

No Comment yet



About AfrikaLyrics

Afrika Lyrics is the most diverse collection of African song lyrics and translations. Afrika Lyrics provides music lyrics from over 30 African countries and lyrics translations from over 10 African Languages into English and French

Follow Afrika Lyrics

© 2024, We Tell Africa Group Sarl