Paroles de Garukira Igiti
Paroles de Garukira Igiti Par PAZZOS BI
Igiti burya ni ngira akamaro, kidufitiye akamaro kanini
Naho dutako tukabirenga, kiradufasha ibintu vyinshi
Tekereza witegereze hano, Imana ikunda abarundi
Igihugu cacu yo kiratatse n’ivyiza vy’ibiti vyacu
Mu kwubaka yoyoyo, igiti kiduteza agateka
Inzugi ziri kumazu, Ni ivyiza vy’uburundi
Amadirisha ameza meza meza, ni ivyiza vy’uburundi.
Murundi murundi kazi, nitwiteho gutera ibiti
Twikingire rino zuba, turonderere isi imvura
Mu gukingira ino si yacu, igiti burya kiradufasha
Nureke gusamara wewe utabona akamaro kaco
Ni ngira akamaro yoyoyo nivyo usangana ivyamwa
Igiti ni ngirakamaro, Kidufasha muri vyinshi
Mugukingira isi ukugadagurika, kidufasha muri vyinshi
Uteme igiti wiyubara, tukironderere agateka
Teme igiti uteye ibindi bibiri dutake igihugu cacu
Dusonere ubuzima bwaco, tukironderere agateka
Muntu uriko utema igiti ntiwibagare akaranga
K’abo hambere yoyoyo ko gutyorora uburundi
Murundi murundikazi, igiti burya ni ngirakamaro
Rwaruka Burundi bwejo, igiti burya ni ngira kamaro
Ecouter
A Propos de "Garukira Igiti"
Plus de Lyrics de PAZZOS BI
Commentaires ( 0 )
Aucun commentaire pour l'instant
Essayez l'application Mobile
A propos de AfrikaLyrics
Suivre Afrika Lyrics
© 2024, We Tell Africa Group Sarl