ARNOVIC Ndarekuye  cover image

Paroles de Ndarekuye

Paroles de Ndarekuye Par ARNOVIC


Ubu mbona bias nibinkundiye
Ko nserura icari ku mutima
Reka nkubwire icari kimbakiye
Kuva cagihe wansiga mu mwijima
Mbanje gushima ko wabaye best gift in my life
Ibihe twamaranye vyampinduriye vibe
Nakumenye ndi muto
Igihe kirashika ndakubona iryamebere
Sinarinziko wompinduriye ubuzima
Ivyiza vyogukundwa nanje nkavyisangamwo
Qualities zose nari niteze
Kuwonipfuzako tubana nazigusanzemwo
Vyatanguye gahoro gahoro kutu message
Munyuma haza hugukunda
Hanyuma ijambo ndagunda
Riba riroroshe kukubwira
Kuko kubandi vyangora
Ntivyakunze ko ruramba
Nkuko navyibaza
Ariko indoto narinfise ndi muto kuba murukundo nawe iraba
Ncangira amahirwe yo kukwita amazina menshi abakunzi bitana

Ubu waragiyee  eeeh
Menya ko wambabaje sindabiguhora
Ubu nariyakiriye
Sipfuza kukwononera
Ubu waragiyee  eeeh
Naho bingoye kuvyakira sindabiguhora
Ubu nariyakiriye, nararekuye
Sinipfuza kukwononera

Sinarinzi urukundo icarico
Kugeza mpuye nawe
Nubwo vyangoye kukwibagira
Waringabire nari nahawe
Sinagukunze kubera narijenyene murukundo
Ico gihe nukubera maze kukumenya
Nashaka ko witwa uwanje
Navyipfuje kera arico carigitandukanye
Nabo twabanye murukundo ntarakumenya
Ariko nubwo vyagenze uko ndahiriwe
Kuba narakugumanije nkumugenzi
Warankunze umbera numugenzi
Wukuri nshobora kubwira ivyanje
Iyo mbabaye eeeh, nryohewe
Canke naronse inkurumbi naza kubibwira wewe
Kuko nabanzi ko nshobora kuronka support yawe
Ahabandi babonako vyose bigenda neza kubuzima bwanje

Ubu waragiyee  eeeh
Menya ko wambabaje sindabiguhora
Ubu nariyakiriye
Sipfuza kukwononera
Ubu waragiyee  eeeh
Naho bingoye kuvyakira sindabiguhora
Ubu nariyakiriye, nararekuye
Sinipfuza kukwononera
Ubu waragiyee  eeeh
Menya ko wambabaje sindabiguhora
Ubu nariyakiriye
Sipfuza kukwononera
Ubu waragiyee  eeeh
Naho bingoye kuvyakira sindabiguhora
Ubu nariyakiriye, nararekuye
Sinipfuza kukwononera

Ecouter

A Propos de "Ndarekuye "

Album : Ndarekuye (Single)
Année de Sortie : 2022
Ajouté par : Farida
Published : Jun 17 , 2022

Plus de Lyrics de ARNOVIC

ARNOVIC

Commentaires ( 0 )

Aucun commentaire pour l'instant



A propos de AfrikaLyrics

Afrika Lyrics est la plus large collection de paroles de chansons et de traductions d’Afrique. Afrika Lyrics fournit les paroles des musiques de plus de 30 pays africains et des traductions de lyrics de plus de 10 langues africaines en français et en anglais.

Suivre Afrika Lyrics

© 2024, We Tell Africa Group Sarl