AKES DON Mpore  cover image

Paroles de Mpore

Paroles de Mpore Par AKES DON


Umunsi umwe eeeh
Ubuzima
Umunsi umwe eeeh
Dukire ivyago

Ehe murugoo, umugore afise imisonga
Abana naboo, kwishure ntibagitonda
Ehe amadeni, beneyo bari mukungandagura
Iyo duhuye, ibifaransa nivyo ndabahendagiza
Amashure narize ndaheza, akazi naragahize ndoza n’amasahani
Ariko nkahembwa, intica idakiza

Mbega niyahure oya
Canke nihungire oya
Nkaga nibaza mbega abana banje
Bazorerwa nande
Mukwivuna inzara, ubu ywirira ibifyera
Imbeba zo mu nzu, eitubonye ziduhunga nkurupfu aaah

Umunsi umwe eeeh
Ijoro rizoca
Ubuzima bubi, tuzobusezera
Umunsi umwe eeeh
Ijoro rizoca
Dukore ivyacu duterimbere

Mpore papa pa pa
Mpore mama ma ma
Ivyago tuzobisezera
Mpore papa pa pa
Mpore mama ma ma
Umuryango tuzokwitwengera

Umunsi umwe eeeh
Ubuzima
Umunsi umwe eeeh
Dukire ivyago

Rufuku wafukuye uburundi
Ingo ufukure ubu bukene
Nsezere amarira (mbega basha)
Ubu mbona ibihori, nkabibomwo isenene
Nkiyumvira kubishora
Mugitondo nzindukana impapuro
Ngo ngiye kurondera
Naki taxi nkakabura
Nkatahana amarira
Naraba abana nkarira
Naraba umugore nkarira
Naraba abavyeyi nkarira
Nkaca niyumvira

Mbega niyahure oya
Canke nihungire oya
Nkaga nibaza mbega abana banje
Bazorerwa nande
Mukwivuna inzara, ubu ywirira ibifyera
Imbeba zo mu nzu, eitubonye ziduhunga nkurupfu aaah

Umunsi umwe eeeh
Ijoro rizoca
Ubuzima bubi, tuzobusezera
Umunsi umwe eeeh
Ijoro rizoca
Dukore ivyacu duterimbere

Mpore papa pa pa
Mpore mama ma ma
Ivyago tuzobisezera
Mpore papa pa pa
Mpore mama ma ma
Umuryango tuzokwitwengera
(Mpore) abavyeyi mwirirwa kurondera mukabura
(Mpore) hari umunsi bizokemuka
(Mpore) eka namwe muhembwa intica ntikize
(Mpore) hari umunsi bizohinduka
(Mpore) imana ica munzira nyinshi
(Mpore)

Ecouter

A Propos de "Mpore "

Album : Mpore (Single)
Année de Sortie : 2022
Ajouté par : Farida
Published : Jun 09 , 2022

Plus de Lyrics de AKES DON

AKES DON
AKES DON
AKES DON

Commentaires ( 0 )

Aucun commentaire pour l'instant



A propos de AfrikaLyrics

Afrika Lyrics est la plus large collection de paroles de chansons et de traductions d’Afrique. Afrika Lyrics fournit les paroles des musiques de plus de 30 pays africains et des traductions de lyrics de plus de 10 langues africaines en français et en anglais.

Suivre Afrika Lyrics

© 2024, We Tell Africa Group Sarl