SAT-B  Imodokari cover image

Imodokari Lyrics

Imodokari Lyrics by SAT-B


Hirya Y’ejo Nahuye n’umugore mwibarabara
Abira icuya ariko aridoga
Niho guca ndamwegera buhoro
Maze ndamubaza nti mbega mama
Urizwa n’iki?
Ati hora hora mwana hora s’ivyo kuvuga
Ahubona ndiko ndasha ibirenge
Mvuye mu Kanyosha Ngana Ville rwamaguru
Ati nabuze akamoto canke akabajaji
Ntanakimwe na ronse
Mpitamwo gutamba Leg

Nti Bene Mama Ibi bitubayeko
S’ivyizanye n’ibiza bitubera icirwa
Bitume dukora cane, bizoshoboka
Yuko twese twisununura

Je nzigura imodokari
Nawe ugure imodokari
Maze twese duterimbere
Dukure uruvugo
Je nzigura imodokari
Nawe ugure imodokari
Maze twese duterimbere
Dukure uruvugo

Bite bite motare k’utakivuga
Mugisagara sinkikubona numva ngo waduze
Burya ubuzima nta formule
Hari abaronkera kukadugo
Hari n’abandi baronkera kukamanuko
Niko bimeze
Burya ubuzima ntiburi mugisagara gusa
Aba commerçant aba perezida
Bava ruguru
Burya biraryoshe gutera imbere ugateza imbere iwanyu
Ukuduga n’ukumanuka
Vyose biva mu maboko yacu

Nti Bene Mama Ibi bitubayeko
S’ivyizanye n’ibiza bitubera icirwa
Bitume dukora cane, bizoshoboka
Yuko twese twisununura

Je nzigura imodokari
Nawe ugure imodokari
Maze twese duterimbere
Dukure uruvugo
Je nzigura imodokari
Nawe ugure imodokari
Maze twese duterimbere
Dukure uruvugo

Mana fasha ugurura abarundi amaso
Ubahe icokurya
ubahe ahobaba
ubahe amagara
ubahe gukora cane
Niho vyose biva

Watch Video

About Imodokari

Album : Imodokari (Single)
Release Year : 2022
Added By : Farida
Published : Jun 03 , 2022

More SAT-B Lyrics

SAT-B
SAT-B
SAT-B

Comments ( 0 )

No Comment yet



About AfrikaLyrics

Afrika Lyrics is the most diverse collection of African song lyrics and translations. Afrika Lyrics provides music lyrics from over 30 African countries and lyrics translations from over 10 African Languages into English and French

Follow Afrika Lyrics

© 2024, We Tell Africa Group Sarl