MTC Jambo cover image

Jambo Lyrics

Jambo Lyrics by MTC


Jambo ry'Uhoraho niryo ryanyivyariye
Muri kamere karyo ntirinanirwa
Rironsa Ubuzima uwo
wese aryakiriye
Rikamuhindura rikamushikiriza ibirarwa

Ngira nivuge ivyiza vy'ijambo jambo jambo
Nigine mumvyino no muntambo ntambo ntambo
Navyawe n'imbuto itabora
N'iJambo rizima rirakora
Ryabibwe muri ryo ndaryakirana uburwaneza rimpa Ubuzima budashira
Muri iryo jambo je ndishikira
Nkakira ivyanje vyose rimbwira
Nkavyizera nkavyatura
Muri ino si bikagaragara
Aho rishitse hose ririganza impinduka ikaba
Ryihuta gushitsa ivyo rivuze ririruka vuba ryimura imisozi n'uturambi rifise ubukuba
Rigatanya impinduka n'ubugingo

Umunyavyaha rimuhindura uwera
Uwurwaye nawe akakira gukira
Ririmwo ubutunzi bw'umusesekara
Niryo ryaremye ibivyose
Ryashizeho ijuru n'isi
Ryaremye ibiboneka n'ibitaboneka niryo ririmwo vyose

[CHORUS]
Jambo ryiwe ntirinanirwa
Niryo ryanshikirije ibirarwa
Ryampinduye uwudahangangwa
Ndarikunda cane kuko ariryo ryanyivyariye
Jambo jambo jambo niwe
Kristo Kristo Kristo niwe
Jambo jambo jambo niwe
Nzira y'ukuri ishika mubugingo budashira kandi busagutse

Ewe Jambo wahozeho
Niwewe kuri kw'Imana guhoraho
Watanzwe nk'umuco w'ubugingo buhoraho
Wamyeho I Love the word
Ngendera muri ryo jewe ndagukiwe
Ritekeye ivy'Imana vyose nagabiwe
Iryo jambo ry'Ubuntu je naragijwe. Ntirinanirwa
Niravye muri ryo Nisanga muri ryo
Ndaryiravyemwo ndaryibonamwo mbona kubaho koko
Nk'uko Imana Igomba
Nkaca nzira kwidodomba
Bikampa kwizera ibitokwizigiwe atagucura intimba
Ntirinanirwa Ntiritangirwa

Jambo jambo jambo
Jambo niwe yanyivyariye
Jambo jambo jambo muriwe niho nahinduriwe
S'umwana w'umuntu ngo yivuguruze
Ng'ivyo yamvuzeko ngo abibeshuze
Akurikira Ijambo ryiwe mpaka rishitse
Niwe arihagarikiye ngo arikomeze
Ukwizera kwanje ntigutirigane amasezerano yiwe ni ego na amen
Kubw'ijambo ryawe ndahanwa nkahanurwa nkatozwa indero nziza nkuko bibereye abera
Mvuze ego kubugombe
Bwawe kuko s'ubuhombe
Kuk'ushobora vyose kandi atacohagarika imigabo yawe

Tu n'as pas que je coulerais
Tu n'as pas dit que je tomberais
Tu as dit allons allons sur l'autre bord
Tu m'as caché dans mon sort
Tu m'as donné ta parole qui une épée à double tranchants
Tu m'as confié des trésors
Nshimira bwa buntu bwiza
Bumwe bugirira neza ababi n'abeza

[CHORUS]
Jambo ryiwe ntirinanirwa
Niryo ryanshikirije ibirarwa
Ryampinduye uwudahangangwa
Ndarikunda cane kuko ariryo ryanyivyariye
Jambo jambo jambo niwe
Kristo Kristo Kristo niwe
Jambo jambo jambo niwe
Nzira y'ukuri ishika mubugingo budashira kandi busagutse

Watch Video

About Jambo

Album : Jambo (Single)
Release Year : 2020
Added By : Farida
Published : Oct 16 , 2020

More MTC Lyrics

Comments ( 0 )

No Comment yet



About AfrikaLyrics

Afrika Lyrics is the most diverse collection of African song lyrics and translations. Afrika Lyrics provides music lyrics from over 30 African countries and lyrics translations from over 10 African Languages into English and French

Follow Afrika Lyrics

© 2024, We Tell Africa Group Sarl